Code ubwayo ntihagije
Gutahura niryo shimikiro ryacu
Kuri clavier twandika imirongo myinshi cane gose ya </code> ariko mubuzima bwa misi yose dukemura ibibazo. Gutegera neza ibitagenda neza bituma dutora inyishu nziza y’ikibazo. Twibanda cane mugutegera.
Code ni mpuzamakungu ariko abayandika bagatandukana
Dukoresha langages de programation zimwe ariko dukemura ibibazo bitandukanye kubakiriya bafise intego n’imigambi bitandukanye. Duhinyanyura ivyo dukora twisunze ibikenewe kuri umwumwe wese.
Dukora ivyo dukunda, Dukunda ivyo dukora
Kira munyamuryango wa HOGI yamaze imyaka irenga 5 yiga kandi yongera akora kumigambi itandukanye yishimisha. Kuri twebwe, kwandika code birengeye cane guca amafaranga, kwandika code bigize ubuzima bwacu bwa misi yose, n’umunezero wacu.
Hogi Online, umu hebergeur mushobora mushobora kwizera
Imyitwarariko yacu
Ugukinga niwo mwitwarariko wacu
Kuri application iyo ariyo yose dukorako, haba hari abahinga muvyo gukinga. Turafatana uburemere ibijanye no gukingira ivyo muyakoreramwo
Turangwa n'ububangutsi
Ntanumwe akunda ivyikwega. Mugucungura umwanya, turagabanya uburemere bw'akantu kose kagize application kugira yuguruke bukwi na bukwi.
Ukworosha nirwo rurimi rwacu
Dukemura ibibazo vy'inganzamarumpu mugukora application zoroshe gukoresha kandi zikwije vyose.
Dukunda ibintu bisa neza
Kuki twotanga ibitabereye ijisho kandi bishoboka ko kudokora igihushane cavyo? turi neza kandi dukunda ibibereye ijisho.